Burundi-Amatora 2025: mu mafoto

  • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge & Cyriaque Muhawenayo
  • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bujumbura & Gitega

Abarundi barenga 6.000.000 bazindukiye mu matora y'abashingamateka n'abakenguzamateka.

Ibiro vy'amatora vyuguruye isaha 12 z'igitondo nk'uko vyari bitegekanijwe. Bija kwugara isaha icenda z'umuhingamo. Hatorwa abashingamateka n'abajenama b'amakomine.

Umukuru w'igihuguahagararanye n'indorerezi yaturutse muri Suisse yatoreye mu ntara ya Gitega
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu ahagararanye n'umwe mu bajejwe gucungera amatora aho yatoreye mu ntara ya Gitega
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, ariko ashira ikarata mw'isandugu y'itora, mu kibanza c'itora ca zone Kabanga, komine yiwe y'amavuko ya Giheta mu ntara ya Gitega, kuwa 5 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, ariko ashira ikarata mw'isandugu y'itora
Kimwe na perezida, umupfasoni w'umukuru w'igihugu Angelique Ndayishimiye, yari yazindukiye gutora ku kibanza c'itora co ku mutumba Musama zone Kabanga komine Giheta.
Insiguro y'isanamu, Kimwe na perezida, umupfasoni w'umukuru w'igihugu Angelique Ndayishimiye, yari yazindukiye gutora ku kibanza c'itora co ku mutumba Musama zone Kabanga komine Giheta.
Umupfasoni yazindukanye ikarata y'itora ku biro vy'itora muri komine Giheta arindiriye kwandikwa ngo ahabwe impapuro zo gutorerako.
Insiguro y'isanamu, Umupfasoni yazindukanye ikarata y'itora ku biro vy'itora muri komine Giheta arindiriye kwandikwa ngo ahabwe impapuro zo gutorerako.
Abari batonze ku biro vy'itora vya Musama babanje gusuzumwa ko bari ku rutonde rw'abiyandikishije gutora
Insiguro y'isanamu, Abari batonze ku biro vy'itora vya Musama babanje gusuzumwa ko bari ku rutonde rw'abatora
Umugabo n'umugore bariko bashira impapuro batoreyeko mu masandugu y'itora. Iyiriko igipapuro c'urwatsi rubisi ni iyo amatora y'abashingamateka, nayo iryo ibara ry'iroza ni iyo abajenama ba komine. 

Inyuma yabo, haboneka uwundi muntu yambaye ishati yera, akiriko aratora mu bwiherero (uyu ni perezida Evariste Ndayishimiye)
Insiguro y'isanamu, Umugabo n'umugore bariko bashira impapuro batoreyeko bamaze kuzinga, mu masandugu y'itora.
Bamwe mu barorerezi barungitswe n'Ubumwe bwa Africa bariko bavugana na perezida Evariste Ndayishimiye
Insiguro y'isanamu, Mu ndorerezi mvamakungu zaje guhagarikira amatora harimwo abaturuka muri Suisse, Ubumwe bwa Afrika no mu karere k'ibiyaga binini.

Uretse mu ntara ya Gitega, BBC yakurikiranye amatora no mu zindi ntara nka Bujumbura.

Abatonze gutora ku musozi Kavumu muri Zone Muyira, Bujumbura ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Ku kigo c'amatora ca Centre Pentecote Uni ku musozi wa Kavumu muri zone Muyira mu nkengera z'igisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bari batonze imirongo hakiri kare...

Uyu mugore ariko arashira ikarata y'itora mw'isandugu ku musozi Kavumu muri Zone Muyira mu nkengera z'igisagara ca Bujumbura.
Insiguro y'isanamu, Uyu mukobwa ariko arashira ikarata y'itora mw'isandugu
Irangi ku rutoke rw'uwuhejeje gutora muri Zone Muyira , ku wa 05 Ruheshi, 2025
Insiguro y'isanamu, Uwuhejeje gutora aca asigwa irangi ku rutoke nk'ikimenyetso ko yatoye. Bituma kandi atawuza gutora akarenga rimwe...
Umutamakazi ahejeje gutora ku musozi Kavumu, zone Muyira, Bujumbura ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Uwo mutamakazi w'imyaka irenga 70 ari mu bahatoreye mu ba mbere.
Kuri Bassin 2 mu Buyenzi ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, No ku kigo c'itora ca Bassin 2 mu Buyenzi hagati mu gisagara, imirongo y'abatora yari miremire.
Umugore w'umu Islam ahejeje gutora kuri Bassin 2 mu Buyenzi, Bujumbura ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Uno mugore w'umu Islam w'imyaka 50 yari ahejeje gutora yavuze ko yizeye ko abazotorwa bazofasha kugira ubuzima bworohe, igitoro kiboneke.
Hagati mu gisagara ca Bujumbura, ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Hagati mu gisaca ca Bujumbura nta ruja n'uruza rwinshi rwari mu mabarabara nk'uko bisanzwe. Uyu munsi w'amatora wagizwe umunsi w'akaruhuko mu gihugu cose.
Abana bo mw'ibarabara mu gisagara ca Bujumbura
Insiguro y'isanamu, Hamwe hamwe imbere y'amazu y'ubucuruzi abana bo mw'ibarabara nibo wahasanga bariko barakina canke basabiriza uwurenganye.
Imodoka zitondeye igitoro hagati mu gisagara ca Bujumbura, ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Ahandi haboneka imiduga myinshi ni iyaraye ku bituro vy'igitoro irindiriye ko gihava kiboneka.
Amabendera ya CNDD FDD mu Kinama, Bujumbura ku wa 05 Ruheshi 2025
Insiguro y'isanamu, Amabendera y'imigambwe yashinzwe mu gihe c'imyiyamamazo ku bisanzwe yategerezwa kuba yashinguwe ico kiringo kirangiye ku wa mbere ku mugoroba. Ariko mu ma karitiye nka Kinama na Kamenge, amabendera y'umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi yari agishinze ari menshi.

Ivyavuye mu matora bizomenyakana icese itariki 8 canke 9 Ruheshi.