Mohamed Salah agiye kugumana na Liverpool iyindi myaka 2

Mohamed Salah yinjirije ibitego 243 Liverpool

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah yinjirije ibitego 243 ku nkino 394 muri Liverpool

Amasezerano ya Mo Salah ubundi yoheranye no mu ci ry'uyu mwaka, kandi hariho amakenga ko yashobora kudasubira kuronka ayandi masezerano.

Uyu mukinyi w'imyaka 32 vyaravugwa kandi ko ashobora kwimukira muri Saudi Arabia.

Ariko rero, agiye kuronka amahirwe yo kwongera ku bitego 243 yinjije ubwiwe, n'ibindi 109 yafashije kwinjiriza Liverpool mu nkino 394 yakinyemwo.

Mo Salah yagize ati: " Koko ndanezerewe dufise umugwi uhagaze neza ubu".

"Na mbere twari dufise umugwi mwiza. Ariko nasinye kuko nibaza ko dufise amahirwe yo gutsindira ibindi bikombe nkaryoherwa n'umupira w'amaguru.

"Nkinye imyaka 8 , nizeye ko igiye kuba 10. Ndanezerewe n'ubuzima hano, ndanezerewe n'umupira w'amaguru. Vyambereye ibihe vya mbere vyiza mu buzima bwanje nk'umukinyi w'umunyamwuga."

Salah amaze kwinjiza ibitego 32 mu nkino zose zo muri uyu mwaka, harimwo 27 vyo muri Premier League, mu gihe uwo mugwi uriko uhiganirwa igikombe ca Premier League ku ncuro ya 20. Liverpool yicaranye amanota 73, igaha intambwe y'amanota 11 Arsenal iza ubwa kabiri, mu gihe hari inkino indwi zisigaye.

Salah, yagiye muri Liverpool avuye Roma mu 2017, yafashije Liverpool gutsinda muri Champions League, Premier League, FA Cup, League Cup na Fifa Club World Cup.

Yari umwe muri ba kizigenza batatu b'umugwi wa Liverpool bari bitezwe kurangiza amasezerano yabo muri iri ci, kumwe na Trent Alexander-Arnold na Virgil van Dijk.

Uyu myugariro wa Liverpool afise akabira ka Netherlands, Van Dijk, yavuze ko ibiganiro vyiwe ku masezerano mashasha nawe nyene biriko biratera intambwe, ariko Alexander-Arnold we biravugwa cane ko ashobora kwimukira muri Real Madrid.

Amasezerano Salah yahorana biravugwa ko yari afise agaciro k'umushahara wa 350,000 vy'amafaranga y'abongereza, pound (£), ku ndwi, ivyatuma aba umukinyi wa mbere ahembwa menshi muri kahise k'uyu mugwi.

Muri aya masezerano yiwe mashasha kandi biravugwa ko ata kibazo co kumugabanya umushahara coba caganiriweko.

Ibihe vyaranze kunyinyurana mu masezerano ya Salah na Liverpool

  • 1 Nyakanga, 2024: Salah yavuze inyuma y'intsinzi ya 3-0 kuri Manchester United ko rwari gushobora kuba urukino rwiwe rwa nyuma i Anfield kubera ata n'umwe muri Liverpool yari bwamwegere ngo bavugane ku masezerano mashasha.
  • 24 Munyoyo, 2024: Inyuma yo kwinjiza ibitego bibiri mu ntsinzi ya Liverpool ya 3-2 vya Southampton, Salah yavuze ko "yibona hanze kurusha indani" muri Liverpool kandi akirindiriye amasezerano ku mugaragaro.
  • Ico gihe, Liverpool yavuze ko hari ibiganiro yarimwo n'abaserukira uwo mukinyi vyari mu nzira nziza.
  • 3 Nzero: Salah yongeye kuvuga ivyerekeye amasezerano yiwe, aho yavuze ku mugaragaro ko impande zompi zikiri kure nk'ukwezi ku bijanye no kwumvikana.
  • Icari citezwe gukurikira kwari kuja muri Saudi Arabia, aho Liverpool yanse miliyoni 150 z'ama pound (£) yari yahawe na Al-Ittihad kuri Salah muri 2023.
  • 31 Nzero: umumenyereza wa Liverpool Arne Slot yavuze yashaka ko uyo mukinyi aguma muri Liverpool, kandi ko yizeye ko Salah ashoboye "gushira mu gaciro agakora ikibereye" kuri kazoza kiwe.
  • 11 Ndamukiza: Liverpool itangaje ko Salah yasinye amasezerano yo kumarana nayo iyindi myaka ibiri.