'Line of Control': Ivyo womenya kuri uyu mupaka uri mu ya mbere kw'isi iteye ubwoba

Umugabo ahagaze mu bihomoka vy'inzu yiwe yakubiswe n’ibibombe i Salamabad, muri Uri, hafi y’Umupaka mu gace ka Kashmir kegukira Ubuhindi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umugabo ahagaze mu bihomoka vy'inzu yiwe yakubiswe n'ibibombe i Salamabad, muri Uri, hafi y'Umupaka mu gace ka Kashmir kegukira Ubuhindi

Kuba ku mupaka udasanzwe, uzwi nka Line of Control (LoC) – umupaka utandukanya Ubuhindi na Pakistani – ni nko kuba ku bugi bw'urwembe, kuba mu gihe c'amahoro agoyagoya kandi ukama witeze intambara umwanya n'umwanya.

Imishamirano iheruka inyuma y'igitero cabaye ahitwa Pahalgam cahatswe kwadukamwo iyindi ntambara hagati y'Ubuhindi na Pakistani.

Impanze zompi zaracucagiranye ibibombe, vyasize amazu ari umunyota, bihitana n'abantu, aho Ubuhindi buvuga ko bwapfishije abantu 16, Pakistani nayo ikavuga ko yabuze abasivire 40, nubwo gushika ubu bitaramenyekana neza nimba bose boba bahitanywe n'ibi bisasu.

Anam Zakaria, umwanditsi w'umunya Pakistani aba muri Canada, yabwiye BBC ati: "Imiryango iba ku mupaka wa LoC ikunze kubangamirwa n'ingingo zidasobanutse z'Ubuhindi na Pakistani, kandi ni yo yikoreye umuzigo w'ingaruka mbi z'icuka kibi gikomeye hagati y'ivyo bihugu".

Uno mukenyezi yanditse igitabo kivuga ku karere ka Kashmir kegukira Pakistani abandanya ati: "Buri gihe habaye ukurasana, abantu benshi baca bahungira mu myobo (bunkers), amatungo n'ibitungwa bigatikira, inyubakwa – amazu y'abantu, ibitaro, amashure – zikononekara. Uno mutekano muke n'ukwama mu ruhagarara uhagaze bigira ingaruka mbi ku buzima bwabo bwa misi yose".

Ubuhindi na Pakistani bisangiye umupaka w'ibirometero 3.323, harimwo aka gace ka LoC gapima ibirometero 740; be n'umupaka mpuzamakungu (International Border, IB) ugera ku birometero vyababa 2.400.

Umupaka wa LoC watanguye nk'Umurongo w'Agahengwe (Ceasefire Line) mu 1949 inyuma y'intambara ya mbere y'Ubuhindi na Pakistani, hanyuma ihabwa irindi zina mu masezerano ya Simla mu 1972.

Uno mupaka wa LoC uca muri Kashmir – akarere buri ruhande rwiyitirira ariko kakaba kagabuwemwo uturere dutwarirwa mu Buhindi no muri Pakistani - uracari umwe mu mipaka icungerewe bikomeye cane gisirikare kw'isi.

Intambara ntiyigera ija kure, n'ibihe vy'agahengwe bikaba ivy'akanya gato kuko ugusomborotsanya bishobora kuba umwanya n'umwanya.

Ivyo guhonyanga agahengwe ngaha bishobora kuva ku "kurasana bukebuke, bikavamwo ukwiyagurira ubutaka gushika ku bitero bikomeye", nk'uko bivugwa na Happymon Jacob, umuhinga mu bijanye n'imigenderanire kuri kaminuza Jawaharlal Nehru University (JNU) y'i Delhi.

Umupoaka wa LoC, nk'uko bivugwa n'abahinga batari bake, ni akarorero k'"umupaka washinzwe amaraso asesetse, washinzwe mu ntambara".

Ni umurongo kandi, nk'uko umupfasoni Zakaria abivuga, "washizweho n'Ubuhindi na Pakistani, ucungerewe n'ingabo kandi urundagiwemwo ibirwanisho, hatitaweho abanyagihugu ba Kashmir".

Uno mugabo ariko asuzuma inzu yiwe yononekaye mu kiyaya ca Neelum mu gace ka Kashmir kegukira Pakistani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uno mugabo ariko asuzuma inzu yiwe yononekaye mu kiyaya ca Neelum mu gace ka Kashmir kegukira Pakistani
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imipaka nkiyo y'igihe c'intambara si iyo muri Aziya y'ubumanuko gusa. Sumantra Bose, umwigisha wa poritike mpuzamakungu kuri kaminuza ya Krea mu Buhindi akaba n'umwanditsi w'igitabo Kashmir at the Crossroads: Inside a 21st-Century Conflict (twogereranya na Kashmir mu mayirabiri: mu ntambara y'ikinjana ca 21) , avuga ko ikizwi cane ari Green Line (Umurongo w'Urwatsi rubisi) - umupaka washinzwe mu masezerano ya 1949 – uwu ukaba ari wo mupaka uzwi hagati ya Israel na Cisjordanie/West Bank.

Ntibitangaje rero kubona igisa n'agahengwe kuri LoC kari kahasanzwe kuva ku masezerano y'amahoro yo mu 2021 hagati y'ibi bihugu bibanyi bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara karasenyutse bitagoranye mu mvururu ziheruka.

Surya Valliappan Krishna wo mu kigo Carnegie India yabwiye BBC ati: "Imvururu za kino gihe ku mipaka ya LoC na IB zirahambaye cane kuko zije inyuma y'igihe c'imyaka ine caranzwe n'amahoro adashemeye".

Imvururu ku mupaka w'Ubuhindi na Pakistani si ikintu gishasha - imbere y'amasezerano y'agahengwe ya 2003, Ubuhindi bwavuze ko yahonyanzwe incuro 4.134 mu 2001, na 5.767 mu 2002.

Amasezerano y'agahengwe ya 2003 mu ntango yarubahirijwe, aho hagati ya 2004 na 2007 ata bintu bikomeye vyabaye vyo kugahonyanga, ariko icuka kibi kigasubira kwaduka mu 2008 gushika aho ibintu biyangara cane mu 2013.

Hagati ya 2013 no mu ntango ya 2021, imipaka ya LoC na IB yaranzweko imishamirano yo ku rwego rwo hejuru. Amasezerano mashasha y'agahengwe muri Ruhuhuma (2) 2021 yatumye ubwo nyene imvururu zigabanuka kandi igihe kitari gito gushika muri Ntwarante (3) 2025.

Krishna avuga ati: "Mu bihe vy'ukurasana ku mpande zompi z'umupaka twabonye abantu ibihumbi n'ibihumbi bo ku mipaka bamaze amezi atari make bahunga".

Hagati y'impera ya Nyakanga (9) n'intango ya Kigarama (12) 2016, abantu barenga 27.000 barahunze mu turere two ku mipaka kubera ihonyangwa ry'amasezerano y'agahengwe no kurasana ku mpande zompi z'imipaka.

Uno mugore w’Umunya-Kashmir ahagaze mu nzu yiwe yasenyuwe n’ibibombe i Salamabad, hafi y’umupaka wa LoC i Uri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uno mugore w'Umunya-Kashmir ahagaze mu nzu yiwe yasenyuwe n'ibibombe i Salamabad, hafi y'umupaka wa LoC i Uri

Ubu, ibintu birushiriza guhinduka no kubamwo igipfungu.

Ibintu vyunyutse inyuma y'igitero ca Pahalgam, aho Ubuhindi bwaciye buhagarika amasezerano yo guhanahana amazi hagati y'Ubuhindi na Pakistani, ikizwi nka Indus Waters Treaty (IWT, twogereranya n'Amasezerano ya Indus yo guhanahana amazi).

Pakistani yaciye yishura mu kugabisha ko ishobora kwiyonkora mu masezerano ya Simla yo mu 1972, ari na yo yashize mu ngiro umupaka wa LoC – nubwo gushika ubu atarakurikizwa.

"Iki ni ikintu gikomeye kuko amasezerano ya Simla ni wo mushinge w'umupaka wa LoC wa kino gihe, aho ibi bihugu vyompi vyemeranije ko ata ruhande na rumwe ruzoyahindura ku gatwe karwo nubwo hari ubudasa mu vya poritike", ni ko Krishna avuga.

Jacob avuga ko ku "mvo zitazwi", ikijanye n'ihonyangwa ry'amasezerano yo guhagarika intambara ku rubibe rwa LoC ari ikintu kitigeze gicishwa mu kanwa mu biganiro ku mishamirano hagati y'ibi bihugu bibiri.

Jacob yandika mu gitabo ciwe, Line On Fire: Ceasefire Violations and India-Pakistan Escalation Dynamics (twogereranya na Umuriro ku Mupaka: Ihonyangwa ry'Amasezerano yo Guhagarika Intambara n'ingene Ibintu bishobora kuyangara hagati y'Ubuhindi na Pakistani) ati:

"Ni ikintu kitumvikana ukungene buri gihe ibi bihugu bibiri bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara vyamye bikoresha ibirwanisho bikomakomeye, nk'ibisasu vya muzinga vya 105mm, 130 na 155mm hamwe n'ibisasu vya misire bisambura ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, ibi bikaba vyatumye haba abasivire n'abasirikare bahasiga ubuzima canke bakahakomerekera, ariko kikaba ari ikintu kititaweho n'abahinga hamwe n'abategetsi".

Jacob arerekana ibintu bibiri bishobora kuba imbarutso y'ihonyangwa ry'aya masezerano: Pakistani akenshi irarasa amasasu yo kuyovya kugira ngo inyeshamba zishobore kwinjira mu gace ka Kashmir kagenzurwa n'Ubuhindi, kamaze imyaka irenga 30 mu mvururu za gisirikare. Pakistani ku ruhande rwayo ica yagiriza Ubuhindi ko burasa ku bibanza vya gisivire ata mvo.

Avuga ko ihonyangwa ry'amasezerano yo guhagarika intambara ku rubibe hagati y'Ubuhindi na Pakistani bitava cane ku migambi y'abanyaporitike bo hejuru, ahubwo ko biterwa n'ivyo abasirikare bo hasi baba barimwo, mu gushaka kwerekana akanyarigabo.

Akenshi imishamirano itanguzwa n'abarongoye ingabo ku rubuga – rimwe na rimwe inzego zirongoye igisirikare ku rwego rw'igihugu zitanze uruhusha, ariko kenshi bikaba bikunze gushika zitagishijwe inama.

Ntiyemera kandi ibivugwa vy'uko ingabo za Pakistani ari zo zonyene nyanduruko y'ihonyangwa ry'aya masezerano, akerekana ahubwo ko hari uruvangatirane rw'intego za gisirikare mu karere hamwe n'ububasha ingabo zicungereye urubibe zahawe ku mpande zompi.

Bamwe mu bahinga bemera ko igihe kigeze co gusubira ku ciyumviro cirengagijwe haraciye imyaka hafi 20: guhindura LoC ngo ibe umupaka wemewe ku rwego mpuzamakungu. Abandi na bo bashimangira ko iki kintu kitigeze gihabwa agaciro – kandi ko gushika n'ubu ari uko.

Ababa mu kigwati ca Bakoat hafi ya LoC mu gace ka Kashmir kegukira Pakistani barubaka imyobo (bunkers) yo kwinyegezamwo iyo habaye ukurasana hagati y'impande zihanganye hirya no hino y'umupaka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ababa mu kigwati ca Bakoat hafi ya LoC mu gace ka Kashmir kegukira Pakistani barubaka imyobo (bunkers) yo kwinyegezamwo iyo habaye ukurasana hagati y'impande zihanganye hirya no hino y'umupaka

Sumantra Bose yabwiye BBC ati: "Ico ciyumviro ntigishoboka na gato, vyaranse. Mu myaka mirongo iheze, amakarata y'Ubuhindi yerekana akarere kose k'intara ya kera ya Jammu na Kashmir yegukira abaganwa nk'igice c'Ubuhindi.

"Ku bwa Pakistani, guhindura LoC ikaba igice c'Umupaka Mpuzamakungu bisigura ugutorera umuti ikibazo ca Kashmir uko Ubuhindi buvyipfuza. Mu myaka irenga 70 iheze, intwaro zose n'abategetsi bose bagiye bakurikirana muri Pakistani, baba aba gisivire canke aba gisirikare, nta n'umwe yigeze aha nirwere iki ciyumviro".

Mu gitabo ciwe co mu 2003, Kashmir: Roots of Conflict, Paths to Peace (twogereranya na Kashmir: Intandaro y'Indyane, Inzira z'Amahoro), Porofeseri Bose yandika ati: "Kugira ikibazo ca Kashmir gitorerwe umuti, bisaba ko Umupaka wa LoC uhinduka – ukareka kuba akarere gacungerewe cane n'ingabo zidacana uwaka, intsinga z'ivyuma, imyobo, n'imigende, maze ukaba akarere gacungerewe mu buryo bworoheje.

"Mu vy'ukuri, uno mupaka uzoruhira kuba ntabanduka (n'aho bishobora kuba ngombwa ko izina ryawo rihinduka), ariko bisaba ko wubahirizwa udakuweho.

Yabwiye BBC ati: "Nashimangiye ariko ko uguhindura LoC bitegerezwa gukorwa mu mugambi wagutse wo gutorera umuti ikibazo ca Kashmir, nk'imwe mu nkingi nyinshi zo gutorera umuti iki kibazo".

Hagati ya 2004 na 2007, ihindurwa rya LoC kugira ibe umupaka woroshe cabaye ikibazo nyamukuru categerezwa kwigwa mu mugambi w'amahoro hagati y'Ubuhindi na Pakistani ku kibazo ca Kashmir – umugambi wahavuye uba impfagusa.

Uno musi, ibintu vyasubiye kuba nabi kuri uno mupaka, wasubiye kuvyura imvururu n'igipfungu kuri kazoza ku bantu baba mu micungararo yawo.

Umukozi w'ihoteri imwe yo mu gace ka Kashmir kegukira Pakistani yabwiye BBC, igisata gikoresha ururimu rw'iki-urdu (ururimi nyamukuru rwa Pakistani) mu mvururu ziheruka ati: "Ntushobora kumenya ikizokurikira. Nta n'umwe ashaka kuryama araba uno mupaka wa LoC muri iri joro".

Iki cari ikintu cibutsa mu gacerere ingene ata mahoro nyayo ashobora kuba muri ako karere kandi ko umwanya n'umwanya ushobora kuvyuka usanga uri mu ntambara.