Burundi: Bamwe mu Barundi baba i Bulaya bavuga ko bakumiriwe mu matora buca aba

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
Mu gihe aho bukera Abarundi buca bitabira amatora rusangi y'abashingamateka y'abakenguzamateka n'abajenama b'amakomine, Abarundi baba ku mugabane wa Bulaya bavuga ko batazi abitoza n'imigambi yabo, ko rero bizogora kwitabira amatora batazi ico bazotora.
Bamwe mu Barundi baba mu Bubiligi, igihugu giharurwamwo Abarundi barenga ibihumbi 30, bavuga ko vyari vyiza ko bitabira aya matora ariko ko ata bigeze babashikira kugira ngo babasigurire imigambi yabo.
Ildephonse w'imyaka 44 akora akazi ko kwunguruza abantu, akaba asanzwe aba mu ntara ya Brabant Wallon hagati mu Bubiligi abona ko bibagiwe.
Ati: "Twebwe ntitwigeze tubona abanyepolitike baba abari ku butegetsi canke abatavuga rumwe n'ubutegetsi barungika intumwa zo kudusigurira ibiri mu migambi y'imigambwe yabo.
"Ikindi naco, nka jewe maze imyaka 12 ngaha, hariho abanyepolitike ntazi, none naho niyandikishije wumva noja gutora ico ntazi, migambi ntazi, wumva ivyo atari gusuzugura twebwe tuba mu mahanga");