Putin agabisha Uburengero ko butohirahira ngo burungike ingabo muri Ukraine

Perezida Vladimir Putin yagiriza Uburengero ko ari bwo "bwateje" intambara muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Vladimir Putin yagiriza Uburengero ko ari bwo "bwateje" intambara muri Ukraine
  • Umwanditsi, Na Laura Gozzi
  • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yaraye agabishije ibihugu vy’Uburengero ko bitohirahira ngo birungike ingabo muri Ukraine.

Ingaruka z’ingingo nk’iyi zoba “amahano”, niko avuga.

Mw’ijambo ry’umwaka yaraye ashikirije igihugu, Perezida Putin yagirije Uburengero ko buriko bugerageza gukwegera Uburusiya mw’ihiganwa ryo guhingura ibirwanisho.

Avuga ko Uburusiya ari ngombwa ko butsimbataza umutekano wabwo ku rubibe rwo mu burengero kubera Suwede na Finland biriko vyinjira mu rurani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero.

Perezida Putin avuga ko Uburengero "bwateje" intambara muri Ukraine, kandi ko "bubandanya kubesha ataco bwinona, mu kuvuga ko Uburusiya bushaka gutera Ubulaya".

Kumbure afatiye ku majambo ya Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa mu ntango z’ino ndwi aho yavuze ko ingingo yo kurungika ingabo za OTAN muri Ukraine “itokwiyobagiza”, Perezida Putin agira ati: "Ingaruka ku biyumvira kurungika ingabo zizoba….amahano".

Yongerako ati: "Turafise kandi ibirwanisho bishobora gukubita ubutaka bwavyo.

"Ibi vyose bishobora guteza akaga ko gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara no gusambura isi. Ibi ntavyo babona");