"Abaza gutsinda tubipfurije kuguma bakora neza, ku neza y'abenegihugu"- Prezida Ndayishimiye inyuma yo gutora

- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge & Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bujumbura & Gitega
Inyuma yo gutora Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko amatora ariko aragenda neza hose mu gihugu kubera ko 'Abanyagihugu baramaze kumenyera kuja mu matora'.
Ndayishimiye yatoreye mutumba wa Musama, Zone Kabanga muri Komine ya Giheta ku murwa mukuru Gitega.
Ahejeje gutora yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Abaza gutsinda tubipfurije kuguma bakora neza, ku neza y'abenegihugu".
Abarundi bashika imiriyoni zitandatu kuri uyu wa 5 Ruheshi bari mu matora rusangi. Amatora yuguruye isaha 12 zo mu gitondo (06h), yugare isaha icenda z'umuhingamo (15h).
Ibi ni bimwe mu bindi womenya kuri ayo matora.
Hatorwa ba nde?
Mu matora yo kuri uyu wa 5 Ruheshi hatorwa abashingamateka n'abajenama b'amakomine.
Abakenguzamateka - batorwa n'abajenama b'amakomine - bazotorwa ku wa 23 Mukakaro (7).
Hazohereza amatora y'abajenama b'imitumba/amakaritiye bazotorwa ku wa 25 Myandagaro (8).
Hatorwa bangahe?
Abashingamateka batorwa bose hamwe ni 100.
Batorwa hisunzwe ikarata nshasha y'intara 5 mu gihe kare zahora ari 18.
Intara n'igitigiri c'abashingamateka kuri imwe imwe biri kuri iyo karata aho munsi.

Kuri abo bashingamateka 100 baba batowe harashobora kwongerwako abandi biciye mu kizwi nka "co-optation" iyo urugero rwo gukirwa rutakwiye.
- 30% canke barenga b'abagore
- 60% b'Abahutu na
- 40% b'Abatutsi
Haca hongerwako 3 baserukira Abatwa.
Nk'inama nshingamateka yahahora yari igizwe n'abashingamateka bose hamwe 123.
Uretse abajenama b'imitumba/amakaritiye, abatorwa kuba abashingamateka n'abajenama b'amakomine n'ababa bari ku ntonde zatanzwe n'imigambwe canke inani z'imigambwe.
Muri aya matora imigambwe yatanze intonde ni 23 n'urunani rumwe. Ariko harimwo na bakeya bitoza ku giti cabo.
Abitoza mu bushingamateka:
- 2909 bose hamwe
- 2898 batanzwe n'imigambwe canke urunani rw'imigambwe
- 11 bigenga
Komine igira abajenama nibura 25 ariko nabo nyene barongerwamwo abandi iyo urugero rwo gukirwa rutakwiye nk'uko bigenda mu nama nshingamateka.
Komine zose ubu ni 42 mu gihe zahora ari 119.
Abitoza ku makomine:
- 6753 bose hamwe
- 6750 batanzwe n'imigambwe canke urunani rw'imigambwe
- 3 bigenga
Imitumba/amakaritiye mu gihugu cose ni 3044. Umutumba wose ugira abajenama 5 batorwa ku giti cabo.
Abakenguzamateka batorwa ni 2 ku ntara - Umuhutu n'Umututsi. Hisunzwe ikarata nshasha y'intara 5, abakenguzamateka bose ubu bazoba ari 10 hace hongerwako batatu baserukira Abatwa.
Hatora abantu bangahe?
Ibitigiri vy'abatora mu gihugu cose, mu ntara imwe imwe no mu mahanga birerekanwa n'iyo karata aho munsi.

Amatora yanditse amateka
2005-2025: Bubaye ubwa mbere mu Burundi huzura imyaka 20 haba amatora uko imyaka itanu iheze. Nta rundi runganwe rwari bwigere rukura rugashikana imyaka nk'iyo ata giciyemwo ngo amatora asibe mu myaka irenga 60 Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira.
Ariko kuva hasigaye imyaka ibiri ngo Uburundi buronke intahe yo kwikukira mu 1962, haragiye haraba amatora, yaba ay'imigambwe myinshi canke umugambwe umwe. Iyindi myaka igahera atayabaye ku ntwaro za gisirikare canke mu gihe c'indyane n'intambara.
Uretse umugambwe UPRONA watsinze amatora yashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira mu nyuma ugahava usigara ari wonyene wemewe mu mategeko kuva mu 1966 gushika mu 1993, CNDD-FDD ni wo mugambwe ugize kabiri muri kahise k'Uburundi umaze imyaka myinshi ku butegetsi.
Uwundi mugambwe wigeze gutsinda amatora muri kahise k'Uburundi ni Sahwanya-FRODEBU mu 1993. Kuva ico gihe nta ntsinzi urasubira kuronka.