Hamas yarekuye abanya-Israel batatu ba mbere yari igifise bugwati Israel na yo irekura Abanyapalestina 90

Amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Hamas na Israel muri Gaza yatanguye gushirwa mu ngingo ejo ku wa Mungu, haciye amasaha makeya aba mbere mu banya-Israel bafashwe bugwati hamwe n'impfungwa z'Abanyapalestina baca bararekurwa nka kimwe mu biri muri ano masezerano.

Nubwo icuka kibi cabandanije mbere ishirwa mu ngiro ry'ano masezerano rigacererwa amasaha yababa atatu, impande zompi zahavuye zibona ko zashitse ku vyo zari zemeranije kugira ngo iyo ntambara ihagarare.

Ni amasezersano yashitsweko mu twigoro twahagarariwe na Qatar, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Misiri, akaba azoshirwa mu ngiro mu mice itatu, umuce wa mbere ukaba ahanini werekeye irekurwa ry'abo Hamas yafashe bugwati be n'Abanyapalestina bapfungiwe mu mabohero atandukanye ya Israel.

Ejo ku wa Mungu, Hamas yatanze batatu ba mbere mu banya-Israel yari ifise bugwati. Haciye amasaha makeya, igisata ca Israel naco kijejwe amabohero kirekura Abanyapalestina 90 baciye bashikanwa mu karere ka Cisjordanie/West Bank.

Isaha cumi n'imwe n'iminota 15 (17:15), ishirahamwe Croix Rouge ryemeje ko ryahawe batatu ba mbere mu banya-Israel bari mu minwe ya Hamas, aba bakaba ari umuganga w'ibitungwa Doron Steinbrecher w'imyaka 31, Romi Gonen w'imyaka 24 yafatiwe mu gitero aho yari mw'isabukuru Nova Festival, hamwe na Emily Damari, umunya-Israel w'imyaka 28 afise n'akabira k'Ubwongereza yanyurujwe i Kibbutz Kfar Aza ku rubibe rwa Gaza.

"Bashikirijwe ku mugaragaro ishirahamwe Croix Rouge mu kibanza citiriwe al-Saraya Square mu karere ka al-Rimal ko mu burengero bw'igisagara ca Gaza. Ibi vyabaye inyuma y'aho umukozi wa Croix Rouge abonaniye nabo kugira yemeze ko bameze neza", bivugwa n'umuvugizi w'abarwanyi b'Abanyapalestina.

Ku rundi ruhande, aba Banyapalestina 90 bagizwe n'abagore 69 hamwe n'abana 21 bavuye kw'ibohero rya Ofer bakaba burijwe amabisi abiri yabatwaye mu gisagara ca Ramallah ca Cisjordanie mu masaha ya mbere yo kuri uno wa mbere. Bakiriwe n'isinzi ry'abantu.

Muri iki gihe, Israel izotegerezwa kurekura impfungwa z'Abanyapalestina 1900 (benshi muri bo bakaba ari abagore, hamwe kandi n'abana bakeya), mu gihe Hamas nayo itegerezwa kuzorekura 33 mu bo ifise bugwati, harimwo aba batatu yaraye irekuye.