Kuki Irani yafashe ingingo yo kwerekana ibigo vya misire vyayo vy'ibanga biri mu kuzimu ubu?

  • Umwanditsi, Farzad Seifikaran
  • Igikorwa,

Irani iherutse gushira ahabona urundi ruvangatirane rw'ibanga rw'imyobo y'ububiko bw'ibisasu vya misire ishobora gukoresha mu kwishura ku co Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yobona ko ari igitero kivuye muri Israel canke muri Amerika.

Ibi bigo vyo mu myobo Irani ivyita "Missile Cities" twogereranya na "ibisagara vya misire".

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziherutse kurungika indege zindi zishika zitandatu zidashobora kubonwa na vya vyuma bicungera ikirere (radar) canke ubuhinga ubwo ari bwo bwose bwa gucungera ikirere, zikoreye ibibombe vya Amerika biremereye cane gushika ku kigo ca gisirikare kiri hafi ya Irani na Yemen mu ndwi iheze, nk'uko abategetsi ba Amerika batashatse ko amazina yabo amenyekana babibwiye Reuters.

Irani yishuye mu gutangaza ko iki kigo ca gisirikare ca mbere kinini muri ako karere kiri "mu cumba c'inkuta z'ibiyo" kandi ko batohirahira ngo batere n'ibuye.

Irani kandi yagabishije ko ishobora gukora igitero c'amabombe ku kigo ca gisirikare ca Diego Garcia mu mazinga ya Chagos, akarere kegukira Ubwongereza mw'Ibahari Indiyano, kari mu nzira yo gusubizwa amazinga ya Maurice. Irani ntiyari bwigere imenyesha ko ifise ubu bushobozi.

None "ibisagara vya misire" ni iki, kubera iki Irani ifashe ingingo yo kubishira ahabona ubu, hanyuma ibi bishobora kuba bisigura iki mu ntambara ishobora kwaduka mu Buko bwo Hagati?

'Ibisagara vya misire' vya Irani ni iki?

"Ibisagara vya misire" (Missile cities) ni ijambo rikoreshwa n'ishami ry'igisirikare ca Irani Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC), rishaka kuvuga ibigo binini cane vya misire vyo mu kuzimu. ibibigo ni imigende yo mu kuzimu y'uruzitane, ifatanganye kandi iri kure cane mu kuzimu ikaba ikwiragiye mu gihugu cose, myinshi ikaba iri mu turere nyamukuru tw'imisozi.

Bikoreshwa mu kubika, gutegura kurasa no kurekura ibisasu vya misire biraswa kure, hamwe kandi n'ibindi birwanisho nyamukuru – indege zitajamwo abadereva n'ibirwanisho vyo gukingira ikirere.

Nk'uko bivugwa n'abarongoye IRGC, ibi "bisagara vya misire" si ububiko gusa bw'ibirwanisho. Bimwe muri vyo ni inganda "zo guhingura no gutegura ibisasu vya misire imbere y'uko bishobora kuraswa".

Aho ibi bigo biri neza na neza ntihazwi kandi ntihigeze herekanwa ku mugaragaro.

General de brigade Amir Ali Hajizadeh, umukuru w'igisata c'ingabo zirwanira mu kirere muri IRGC, yerekanye iki kigo gishasha mu kiganiro yagiranye n'ikinyamakuru ca reta IRIB. Amashusho yerekana ibisasu vya misire biraswa kure hamwe n'amadrone y'ubwiyahuzi kure cane mu kuzimu. BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bintu vyerekanywe amashusho.

Mu gusigura igituma ibi bibaye ubu, ibinyamakuru vya reta ya Irani bivuga ko Tehran yokoresha ibi birwanisho mu kwivuna "ibitero ivyo ari vyo vyose vy'umwansi kuri Irani".

Tehran iti: "Irani iramutse itewe mu gitero cova ku kigo ico ari co cose mu karere canke ahantu misire za Irani zishobora gushika, ntiyocagura, caba ic'Ubwongereza canke ca Amerika".

Kuva mu myaka cumi iheze, IRGC yagiye isohora amasanamu y'imigende yo mu kuzimu ibitse ibisasu vya misire, vy'amadrone n'ibirwanisho vyo gukingira ikirere vyinshi cane, ikaba yavyise "ibisagara vya misire vyo mw'ibanga".

Kubera iki ibi ari ikintu gikomeye kuri Amerika na Israel?

Mu kwerekana ubushobozi bwayo, Irani iriko irondera gutesha Israel na Amerika kugira ngo ntibihave birondera kuyitera.

Aya mashusho mashasha yerekana ibigo vy'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Kheibar Shekan, Hajj Qasem, Emad, Sejil, Qadar-N na Paveh.

Irani ivuga ko ishobora kugema umwansi ari ku birometero 2000.

Ibisasu vya Emad ni vyo vyakoreshejwe mu gitero ca Irani kuri Israel mu 2024, vyononye ikigo c'igisirikare kirwanira mu kirere ca Navatim hagati muri Israel.

Inzira ngufi yonyene uva muri Iran uja muri Israel uciye muri Iraq, Syria na Yorodaniya ni hafi ibirometero 1000. Ico gihe, Israel yavuze ko 99% vy'ibi bisasu vyasamburiwe mu kirere. Igitero kigira kabiri muri Gitugutu (10) umwaka uheze nta vyinshi cononye.

Hagati aho, hari hasanzwe hari amakenga ku bushobozi bw'ibi bisasu vya misire vya Irani n'intera yavyo. Rero kwumva y'uko Irani ishobora gushika ku bigo vya gisirikare vya Amerika muri Diego Garcia, bishobora gufatwa ko ari ikintu gishasha gikomeye.

Iki kigo rusangi ca Amerika n'Ubwongereza muri Diego Garcia ni ico kuva mu myaka ya 1970. Kirakingiwe cane kandi kiri ku birometero bidashika 3.800 uvuye muri Irani.

Muri iyi ndwi, Irani yasubiyemwo ko amadrone yayo ya Shahed-136B ashobora gushika ku birometero 4000, nubwo ata kivyemeza.

Nubwo Irani ubu idasa n'iyifise misire zishobora gushika ku birometero 2000, irashobora gutera iri zinga ikoresheje amato ifise mu nyanja cane mu guhindura imero za misire ifise isanzwe ifise ubu.

Amerika ifise ingabo zitari nke mu Buko bwo Hagati, mbere mu misi ya vuba izorungika amato abiri yikorera indege z'intambara muri ako karere.

Amasanamu y'ibigendajuru yerekana indege z'intambara zo mu bwoko bwa B-2 muri Diego Garcia, ziherutse gukoreshwa mu gitero ku ba Houthis muri Yemen.

Muri ino ndwi, umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi Sean Parnell yagize ati: "Ari nka hamwe Irani n'imihari ikoresha vyobangamira ingabo za Amerika n'inyungu za Amerika mu karere, Amerika izofata ingingo ruhasha zo gukingira abantu bacu".

Ibiro vy'igisirikare ca Amerika mu karere vyaranse kuvuga igitigiri ca B-2 ziri muri Diego Garcia, bikavuga ko bidashobora kuvuga ku bikorwa vyazo.

Igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere gifise indege 20 gusa za B-2 zikora, rero ntizikunze gukoreshwa kenshi.

Kubera iki ubu ari ho Irani yeretse isi ibi "bisagara vya misire"?

Abategetsi ba Irani bavuze aya majambo mashasha mu gihe icuka kibi ciyongereye hagati ya Iran, Amerika na Israel ku bibazo bitatu: iterabwoba riterwa n'umuhari w'aba-Houthis bashigikiwe na Irani, ibiganiro ku mugambi wa nikleyeri wa Irani hamwe n'ibitero bishasha vya Israel bifise intego yo gucuvya umuhari Hezbollah wo muri Libani ushigikiwe na Irani.

Perezida Donald Trump wa Amerika ku wa Mungu uheze yagabishije Irani ko azoyicucagira ibibombe ari nka hamwe itoshika ku masezerano na Washington kuri uno mugambi wayo wa nikleyeri.

Hejuru y'ibi, imishamirano hagati ya Irani na Israel yariyongereye mu mwaka uheze, aho impande zompi zarasanye, mu gihe kandi iki kigo gishasha cashizwe ahabona na IRGC gisa n'icerekana ko Irani ifise ubushobozi bwo gukora igitero rutura ca misire iramutse itewe.

Irani ibandanya ivuga ko itegura igitero gishasha kuri Israel, ica gatatu. Hagati aho, amakungu abandanya atera igitsure Tehran, mbere hakaba hari n'amakenga ku bushobozi bwa Irani bwo gushira mu ngiro uno mugambi wayo wo gutera Israel, na rirya cane cane ibitero vya Israel bisa n'ivyatumye ubushobozi bwa Irani bwo gutera ibisasu vya misile bugabanuka.

Abategetsi ba Irani bariko kandi bereka abanyagihugu babo ko bashoboye kwivuna igitero ico ari co cose kivuye muri Amerika.

Intego yo kwubaka ibi "bigo vya muzinga" vyo mu kuzimu ni iyo kwongereza ubushobozi bwo kwikingira no kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe no kuzibira.

Mu gushinga "ibisagara" nk'ibi, Irani yeretse Amerika na Israel ko ishoboye kwivuna nubwo ibigo vyayo vyo mu kuzimu vyoterwa.

Ibigo vyo mu kuzimu bituma ibisasu vya misire bishobora gurasirwa mu bibanza umwansi adashobora kumenya kandi bigatuma umwansi atamenya neza ubushobozi bwa gisirikare bwa Tehran.