Habuze gato ngo nsezere isi – Antonio wa West Ham kw'isanganya ry'imodoka yagize

Michail Antonio ntazi ingene yagonze igiti igihe yariko anyonga imodoka yiwe. Gusa arazi ko yagonze.

Mu vyo yibuka, agira ati: "Abapolisi baraje, hanyuma bansanga ndi hagati y'intebe zibiri. Mu vy'ukuri sinari mu ntebe y'umushoferi.

"Bavuga ko bisa n'uko nariko ngerageza gupiruka nciye mw'idirisha, ariko kubera ukuguru kwanje kwari kwababaye cane, ububabare bwatumye ntashobora gusohoka".

Amafoto ya mbere y'imodoka yiwe ya Ferrari yari yamenaguritse inyuma yo kugonga igiti ahitwa Epping Forest mu ntango za Kigarama (12) umwaka uheze, hari ku musi wa gatandatu, yakwiragijwe ku mbuga hwaniro, aho benshi baguma bibaza nimba koko Antonio yari akiri muzima.

Iri sanganya ryatumye uno musatirizi wa mbere wa West Ham amaze kwinjiriza uno murwi ibitsindo vyinshi gusumba abandi bose muri Premier League amara indwi zirenga zitatu ari mu bitaro kubera ukuguru kwari kwononekaye - ivyamushize mu rugendo rutoroshe rwo kurondera gusubirana.

Uno musi, Antonio avuga ko azosubira gukina ku rugero rwo hejuru, kandi yumva ko yahawe "ayandi mahirwe yo kubaho" aho habuze gato ngo asezere isi.

Uno mukinyi w'imyaka 34 yavuganye n'umunyamakuru Helen Skelton aremesha ikiganiro Morning Live ca BBC, aho yavuze kuri iri "sanganya riteye ubwoba".

Ni ibiki vyabaye kuri uyo musi w'isanganya?

Uwo musi wa gatandatu, itariki 7 Kigarama watanguye nk'igitondo gisanzwe kuri Antonio, aho West Ham yari mu myimenyerezo yo kwitegurira urukino rw'ihiganwa rwategerezwa kwerekanwa ku mboneshakure, aho yari guhura na Wolves inyuma y'imisi ibiri.

Yibuka ko "hari umuyaga, imvura kandi ikirere cari kibi cane" kuri uwo musi igipolisi kikaba cari cagabishije ko hari igihuhusi Storm Darragh.

Antonio yari yiyumvisemwo "ubunebwe" igihe umugore wiwe yamusaba gukura amasakoshi amwe mu yindi modoka yabo imbere y'uko afata urugendo. Rero yahisemwo kugenda na Ferrari yiwe– ariko akavuga ko yari ayifiseko amakenga.

Avuga ati: "Uruhande rw'inyuma y'imodoka rwaguma runyiganyiga, rero narumva ko ntatekaniwe. Nari ndayimaranye indwi zitatu kandi nari maze kwiyumvira kuyisubiza".

Ariko abajijwe ico yibuka ku bijanye n'iyo mpanuka ubwayo - yabaye ari mu nzira ataha - inyishu yiwe ni "nta na kimwe".

Avuga ati: "Ni ibintu bitangaje, kuko muri ico gihe cose, bambwira ko nari nkomeye kandi ko navugana n'umuntu uwo ari we wese – abapolisi, abantu, be n'umuntu yantoye.

"Ukuguru kwanje kwose kwari kwononekaye cane hanyuma baransohora, barakuboha iruhande y'imodoka.

"Abantu bose bibaza ko natwawe n'indege y'ubutabazi, ariko kajugujugu ntiyashobora kuguruka kubera igihuhusi, rero bantwaye mu bitaro n'imodoka".

Haciye indwi zitatu, Antonio yagiye kuraba ibisigarira vy'imodoka yiwe mw'iyarara batamwo ibisigarira vy'ivyuma.

Ati: "Niyumvisemwo ibintu bidasanzwe mu nda. Naciye mbona ukungene habuze gato ngo nsezere isi. Nari nabonye amafoto ariko vyasumba incuro cumi ukungene navyiyumvira. Imodoka yari umucafu. Vyari bigoye kuri jewe".

Antonio yababaye ku rugero rungana gute?

Ica mbere Antonio yibuka inyuma y'iri sanganya ni ikintu gito cane ari ku wa Mungu igihe yavugana n'umugenzi wiwe yari atekewe n'ubwoba – umukizi wiwe w'igihe kirekire, Mike Appiason.

Gushika ku wa mbere, yari agishobora kurungikira ubutumwa bwo gushigikira abakinyi bagenziwe imbere y'uko batsinda Wolves.

Avuga ati: "Igufa ryanje ryo mw'itako ryamenetse ahantu hane hatandukanye. Nabazwe rimwe gusa. Banshize icuma mw'itako bafungirako amabulo (boulons), ni ukuvuga amavisi n'amabulo, kugira ngo basubire bagufatanye".

"Umuganga yambaze ubwa mbere yavuze ko adashaka ko ndemereza ukuguru kwanje mu buryo ubw'ari bwo bwose mu kiringo c'amezi atatu, ubu akaba arangiye, kandi urabona ko ubu ntambuka".

"Twaronse uwundi muhinga agira kabiri yambwiye ko nkeneye gutangura kugukoresha, nkaduza kuva ku rugero rwa 10% gushika kw' 100% mu ndwi zitatu.

"Ariko nagumye ngendera ku bibando mu ndwi zibiri zindi. Muri rusangi, bavuga ko bizofata hagati y'amezi atandatu na 12 imbere y'uko ukuguru kwanje gutangura gukira neza".

Antonio yaripfuza kandi kwerekana ukuri ku bivugwa ku mbuga hwaniro vy'uko yari yanyoye inzoga cane ibiyayuramutwe.

Asigura ati: "Nariko ndataha mvuye mu myimenyerezo kandi, uko ibintu bimeze, mu buzima bwanje sindigera mfata ibiyayuramutwe. Ndavuga ko nkunda ikinyobwa. Ariko ico gihe, nta biyayuramutwe, nta nzoga. Aya makenga ntayariho kandi biremezwa n'igipolisi".

Antonio azosubira gukina umupira w'amaguru?

Ikibazo gikomeye gikurikira – urashobora kuba Antonio wa kera? Yishura ati: "Ego, 100%. Nzosubira gukina".

Ariko hari igihe kimwe yigeze kuba atabibona neza. Haraciye indwi zibiri abaganga biwe ngororamubiri bamubajije nimba afise ubwishingizi bw'imvune ishobora gutuma ahagarika umwuga wiwe. Amwenyura kandi azunguza umutwe, avuga ati: "Iryo joro sinigeze ntora n'ak'imbwa".

Urugendo rwo gukira rwa Antonio ruzoba urugendo ruruhisha, ruzosaba amasaha menshi muri jimu (gym, inzu y'imyimeyerezo ngororamubiri), intambwe izokurikira ikaba ari iyo kwiruka n'amaguru mu rugamba rwo gusubirana.

Avuga ati: "Iki nico nshira imbere kandi kintuma nkora imisi itandatu mu ndwi. Namanye icizere mu bihe ndimwo. Ni isanganya riteye ubwoba bwinshi cane, kandi ni imvune ikomeye cane".

"Ni yo mvune ya mbere nini ngize mu mwuga wanje. Ariko kuba ubu ndi imbere amezi abiri canke atatu ugereranije n'aho nategerezwa kuba ngeze, ndazi ko nzosubira gukina, kandi ndazi ko ni nasubira gukina nzogarukana ububangutsi bwanje.

"Nari umwe mu bakinyi banyaruka cane muri West Ham. Rero umubiri wanje uko biri kwose ntiwari umubiri w'umuntu w'imyaka 34 imbere y'uko ngira iri sanganya. Ndashobora kugarukana ububangutsi nkabandanya ibikorwa".

"Abantu bagumye bagira amakenga kuri jewe. Inkomezi zanje zo mu mutwe ni ikintu namye nizera, kandi iki ni ikindi kintu kinsubiza inyuma, ariko ntikizompagarika".

'Abana barahatswe kumbura'

Igihe Antonio yaja kuraba ibisigarira vy'imodoka yiwe Ferrari yamenaguritse, yatekewe n'ubwoba bw'uko yari agiye kutabona ingene abana biwe batandatu bakura.

Agira ati: "Ikintu ca mbere kigoye ni uko abana banje bahatswe kumbura. Gusa binteye umunezero, ngira ivyiyumviro vyiza ku buzima, kuko nahawe ayandi mahirwe yo kubaho.

"Twarabinyegeje abana. Umwana wanje mukuru yarayibonye, kandi vyaramugoye kwihanganira. Afise imyaka 13, kandi ndazi ko abantu bamweretse amafoto y'iyo modoka.

"Ni co gituma yaje arambona mu bitaro. Ariko abana bato, ntibamenya neza ukungene ibintu vyari bibi. Twameze nk'ababazibira kuja ku mbuga ngurukanabumenyi".

Ikintu kimwe gikomeye Antonio yemeza ni uko azomara igihe gito atanyonga imodoka iyo ari yo yose inyaruka.

Avuga ati: "Namye nkunda kandi ndi umugenzi w'imiduga y'inkino hamwe n'iyisanzwe, ariko ntakubeshe, imodoka z'inkino si abagenzi banje.

"Ubu rero, mfise imodoka ya Mercedes itwara abantu, mwenewacu ni we mushoferi wanje. Uko biri kwose, ubu ngiye kuja kure y'imodoka z'inkino".

Hagati aho, Antonio avuga ko yashoboye gutsinda ubwoba akanyonga imodoka mu ndwi iheze ku ncuro ya mbere kuva agize iri sanganya. "Sinibuka ihahamuka, rero nta bwoba mfise.

"Ikibazo conyene mfise ubu ni uko igihe cose nyonze imodoka, mfise ubwoba ko hagize n'akantu na gato kanshikira, ni nka 'ah, Michail asubiye kugira irindi sanganya', rero ibi bintu bibi bingumamwo bigatuma ngira ubwoba".

'Urukundo ruraryoshe'

Igihe haba iri sanganya, Julen Lopetegui ni we yari umumenyereza wa Antonio muri West Ham ariko uno munya-Espagne yarabogojwe, akaba yasubiriwe na Graham Potter.

Kubona hagenwa umumenyereza mushasha mu gihe yari yakomeretse cane vyarateye impungenge Antonio mu misi ya mbere.

Ati: "Iki caranteye ubwoba cane. Sinobesha, cabaye kimwe mu bintu vyanteye ubwoba, kubona haza umumenyereza mushasha atari ho ndi kugira ngo nerekane ivyo nshoboye gukora, mu amasezerano yanje azohera mu mpera z'uno mwaka w'inkino.

"Vyarangoye cane ico gihe, ariko ikintu conyene nshobora kwibandako ni jewe no gukora uko nshoboye kwose kugira ngo mere neza.

"Ikintu kimwe nabwirijwe gutahura ni uko ataco bivuze kandi ko ntashobora kwihutisha ibintu kandi hataragera, kuko vyohava bituma ibintu biba nabi gusumba".

"Ni nihutisha ibintu, bishobora kuba impamvu yo kutaronka amasezerano. Igihe cose nzoba nakoze ibishoboka vyose kugira ngo mere neza, aho ni ho nzomenya ko nakoze ivyo nshoboye vyose".

West Ham yaratanze uburyo kugira ngo Antonio asubirane, harimwo n'urugendo yagize i Dubai rwarimwo ubuvuzi ngororamubiri (physio-therapie), kuruhuka, gukira no kuruhurira umutwe.

Uno murwi warafashije mu gutegura ibikorwa vyo kwegeranya uburyo bw'ibikorwa vy'ubutabazi vyarimwo kumukura muri iyo modoka yari yamenaguritse, harimwo n'igihe umurwi wose waja mu vyo kwishusha wambaye umwambaro wa Antonio wagiye kugurishwa ica munara.

Uwundi yamufashe mu nda ni umugenzi wiwe Jarrod Bowen yakirije umwambaro wa Antonio igihe yinjiza igitsindo mu rukino rwahuje umurwi wiwe na Wolves ku kibuga ca London Stadium.

Antonio kandi yarakirijwe amashi igihe yinjira mu kibuga mu rukino ruheruka aho West Ham yakira Newcastle kandi atagendera ku vyuma.

Abandanya ati: "Urukundo ruraryoshe. Igihe ninjira mu rukino rw'umupira w'amaguru, nabikora nk'ikintu co kwisamaza kandi nta murwi n'umwe nari nshigikiye.

"Ubu ndi umufana akomeye wa West Ham. Ivyo uno murwi wankoreye, ingene bamfashe mu mugongo mu kibuga no hanze, ibitaro n'abahinga, vyari ibintu biteye igomwe. Ndashimira uno murwi, abafana, abajejwe ivy'ubutabazi, abantu bari hafi yanje".

Hanyuma ku bafana baguma bamuhagarika mu nzira bipfuza kumenya nimba azosubira mu kibuga, yishura ati: "Ndakunda ukuntu abantu bitaho cane kuza kumbaza iki kibazo, ni co gituma ntababazwa no kucishura incuro 1.000. Intumbero ni ugusubira mu kibuga kwinjiza ibitsindo".