Kuba agendana ubumuga nticamubujije kuba umukinyi w'umunyamwuga

  • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
  • Igikorwa, BBC Gahuza

Muhimbare Amando, ni umwe mu basore, bakinira umugwi nserukiragihugu w'abagendana ubumuga mu Burundi.

Kubera ubumuga bwiwe, ntiyari yarigeze yiyumvira ko umusi umwe, yokinye umupira w'amaguru.

"Jewe ubumuga bwanje nagwaye nkiri umwana mutoya, hanyuma baranca ukuguru. Noba nari mfise nk'imyaka 12," uko ni ko avuga.

Kuva ico gihe, uwo musore w'imyaka 23 avuka mu ntara ya Karusi, avuga ko ubuzima bwaciye bugorana.

Agira ati:"Nkiri i Karusi narahura n'abantu bakambwira ko ngiye i Bujumbura nkaja gusabiriza mw'ibarabara, boza barampa.

"Naramanutse i Bujumbura ntangura gusabiriza mu mabarabara. Nabimazemwo umwaka wose."

Amando avuga ko Patrick Ngoga, na we nyene agendana ubumuga, yashinze ikigogo 'Fondation Ngoga Patrick " ryo gufasha abagendana ubumuga, ari we yamukuye mw'ibarabara, aramufasha.

Abandanya avuga ko ico kigo ari co camwinjijemwo iciyumviro co gukina umupira w'amaguru, kuko kubw'iwe ngo ntiyiyumvira ko yobishobora.

Amando co kimwe n'abandi basore bafise ubumuga butandukanye bavuga ko bateye ku rwego rushimishije mu mupira w'amaguru, aho yatweretse avuga "ubu ndatera n'ivyo mwibonera."

Aho nabasanga ku kibuga aho bagirira imyimenyerezo, bari mu nkuru zisa n'izibabaje zijanye n'ubumuga bwabo ariko kandi zisekeje.

Umwe ati:" Turi mu kuronka uwundi mukinyi akomeye. Yahora akinira intamba mu rugamba, ngo boba bamubwiye ko bazomuca ukuguru."

Baca batwengera rimwe bavuga " uwo sha yodufasha."

Umupira w'amaguru w'abagendana ubumuga watanguye mu 2023.

Budakeye kabiri mu kwezi kwa Rusama umwaka uheze, abo basore baritavye ihiganwa ry'igikombe ca Afrika c'abagendana ubumuga batahukana ikibanza ca 12 ku migwi 37.

Amando avuga ko kera "twari tuzi ko tutoshobora gukina. Imitsi ikituna hakagera igihe ugasanga bwa bumuga bwagumye bukura."

Ubu rero avuga ko bakora 'sport' nk'abakomeye

Babeshejweho n'umupira w'amaguru?

Co kimwe no muri bimwe mu bihugu vya Afrika, biracagoye kugira abakinyi b'umupira w'amaguru abe ari wo mwuga ubatunga gusa.

Abo bakinyi bagendana ubumuga bafashwa na 'Fondation Ngoga Patrick' mu kubaronderera imyuga ishobora kuzonabatunga ubuzima bwabo bwose.

Amando yahisemwo umwuga wo gushona.

Agira ati:"Ubu ndi umu 'tailleur'. Ndashobora gushona ishati canke ipantaro."

Abandi usanga bariko barahingura amaguru canke amaboko vy'amaterano.

Iciyumviro co gushinga umugwi w'umupira w'amaguru caje gute?

Patrick Ngoga, agendana ubumuga na we, ni we yiyumviriye gushinga umugwi w'umupira w'amaguru w'abagendana ubumuga.

Uwo mugabo yize ubuhinga bwo kugorora abamugaye, avuga ko yabakira ku kigo ciwe akabona ko basa n'abihebuye.

Agira ati:"Kuva bashikiwe n'ingorane z'ubumuga, wasanga barihebuye, barihevye, ntibakigira umunezero.

"Hama nca niyumvira ko twokina football. Dutangura turi batatu, bane batanu; gushika aho dushikana umugwi, mbona baranezerewe.

"Wa munezero niyumvira kubaremamwo nca mbona ubagarukaniye icizere kubera umupira w'amaguru."

Uretse umugwi nserukiragihugu, abagendana ubumuga barafise imigwi umunani ikwiragiye mu gihugu cose.

Amwe mu mategeko y'umupira w'amaguru w'abagendana ubumuga

  • Ikibuga gifise uburebure bw'imetero 60 n'ubwaguke bw'imetero 40
  • Kubera bamwe baba babuze amaguru abandi amaboko, amakosa ntaba amwe. Umupira ukoze kuri 'béquille' bifatwa ko uwukoze n'ukuboko riba ari ikosa.
  • Uwufise amaguru yose, akaba yacitse ukoboko, uwo aja mw'igori.
  • Urukino rwose rumara iminota 50 - igice cose kikamara iminota 25.