Burundi: Abidoga ko imyiyamamazo yaranzwe n'utunenge 'ivyo bavuga ntibifise ishimikiro' – Umushikiranganji Niteretse

  • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
  • Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Burundi

Mu gihe abanyamigambwe, abigenga n'abo mu nani batandukanye bidoga ko imyiyamamazo yaraye irangiye yaranzwemwo utunenge tutari duke, aho bavuga ko batoroherejwe n'intwaro hamwe n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ivyo bashikiriza, ku ruhande runini, bidafise ishingiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Martin Niteretse yavuze ko ibi abivuga yishimikije ico yise "amatohoza yimbitse" ubushikiranganji bwatanguje bumaze kwumva iyo myidogo.

Umushikiranganji Niteretse aremera ko mu burere bumwe bumwe hari ivyagoranye. Ariko avuga ko ababigizemwo uruhara bafashwe kandi ko bashikirijwe ubutungane.

Umugambwe CNL waridoze ibikorwa vyo gukubagura abanywanyi bawo ahatandukanye muri iyi myiyamamazo.

Nestor Girukwishaka arongoye umugambwe CNL yagize ati: "Hariho iterabwoba ku rubuga uribonye uca wibaza uti iki gihugu tubamwo kimeze gute">Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi