'Ico dupfana gisumba ico dupfa'- ingene inkino zimaze imyaka zihuza Abarundi b'i Bulaya, Amerika na Canada

  • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
  • Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Bubiligi

Risigaye ari isango ngarukamwaka kuva mu 1996 ku Barundi baba mu bihugu bitari bike vy'i Bulaya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada.

Barahurira muri kimwe muri ivyo bihugu bahujwe n'inkino, akaranga n'ikiyago.

Uyu mwaka bahuriye i Genève mu Buswisi mu mpera z'indwi yaraye iheze.

Izo nkino zatanguriye mu Bubiligi zitwa Tournoi de Basketball des Burundais International, TBBI. Ariko ubu ntizicerekeye umupira wa basket gusa kuko haragiyemwo akaranga n'ikiyago.

Zatanguriye muri Canada. Uyu mwaka zahuje imirwi irenga 10 zitabwa n'Abarundi baharurwa mu bihumbi bavuye mu Bubirigi, Suède, Ubufaransa, Ubuswisi, Norvège, Luxembourg, Ubuholande, Amerika na Canada.

Kuzitegura no kuzitaba bisaba umwanya n'uburyo bwinshi ariko abamaze kuzimenyera bavuga ko ari isango batoba bagisiba kubera akamaro bazibonamwo.

''Ni ibintu dutegura umwanya muremure. Turabika uburyo kugira duke. Nk'ubu tuvuye ngaha duca dutangura kurondera uko tuzokwitabira ivy'umwaka uza'', bivugwa na Ama Nibaze yaje ava mu gisagara ca Toronto muri Canada.

''Bisaba uburyo ariko ni imbonekarimwe, ntawosiba. Bisaba kwitegura, nk'ubu abo twazananye twamaze iminsi irenga itatu tuza, hariho n'abandi bamara hafi indwi baza kuko ni isango ata n'umwe yipfuza gusiba …kuko iyo tuvuye ngaha dutahana ivyiyumviro bishasha biteza imbere abacu''.

Abava mu bihugu vya Bulaya bamara imisi mu nzira kubera biyunguruza n'imiduga yabo mu kirwi, co kimwe n'abava muri za Canada na Amerika bamara imisi mu rugendo rw'indege.

Iterambere ry'iyo bavuka mu Burundi

Bamwe basanga mbere izo nkino zobera akarorero n'icitegererezo ku ndongozi z'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga binini mu guhuza no kunywanisha abantu kugira indyane zimaze imyaka zizingamitse ako karere zihere.

Nkurunziza Népomucène, Umurundi arenza imyaka 30 aba mu Bubiligi avuga ko ari icitegererezo abategetsi borabirako kugira bateze imbere igihugu.

Ati: "Biba gake ko Abarundi badahuje ubwoko n'ivyiyumviro vya poritike canke umugambwe bicarana".

''Ni igikorwa cerekana ko Abarundi bose bari umwe, aha turakina tukayaga, tukigisha abana bacu imico yacu. Ikindi ni uko haza Abanyarwanda n'abanye-Congo, duhejeje turicarana tukibutsanya ko ico dupfana gisumba ico dupfa.

''Abategetsi mu karere kacu barakwiye gufatira akarorero ku gikorwa nk'iki mu guteza imbere ikiyago, kuko tutabeshanye, ibibazo iyo tuva birahari kandi n'umuti urahari, uri mu kuyaga. Rero ni barabire kuri twebwe. Ko twabishoboye turi mu mahanga, nta nkeka ko vyobera akarorero ab'iwacu''.

Ivyo abihurizako na Matutino Pierre, umuhinga mu bigendajuru akorera mu gihugu ca Danemark.

Avuga ati: ''Uretse gukina no kuyaga, haratunganywa ibiganiro hagati yacu. Jewe naje ubwa mbere mu mwaka uheze mu birori vyari vyatunganirijwe mu gihugu c'Ubuholandi. Naramenyanye n'Abarundi baba mu mahanga.

''Twaramenye ko iyo tuva, mu mavuriro ata mashini nyabwonko n'imiti bihari. Ubu tuvugana hariho imashini 150 buca zija mu Ruyigi na Karuzi, buca turungika ivyuma bifasha gupima vya radiographie na échographie mu ntara zine''.

N'abakiri bato barashima iryo huriro ry'Abarundi. Axel, umusore aba mu majefo y'Ubufaransa avuga ko vyerekana ko Abarundi baba mu mahanga bafise intererano mw'iterambere.

ati: ''Uravye abitabira rino huriro buri mwaka benshi ni urwaruka. Rimwe na rimwe twebwe abakiri bato tuba mu mahanga ntiduhabwa ikibanza mw'iterambere ry'igihugu kubera ugushihana kwibonekeza mu Barundi baba mu mahanga.

"Ariko buri mwaka turazi ko duhura tukicarana, tukerekana impano zacu mu nkino no mu mico, hanyuma tukayaga".

Abandanya avuga ko muri bo harimwo abahinga mu buvuzi, mu bwubatsi, mu gucukura ibitoro n'ubutare n'ibindi kandi ''turiteguye guterera''.

Eka na bene imirwi yitabira iryo higanwa bavuga ko ari intambwe idasanzwe. Emery Nsaziyinka arongoye umurwi Imboneza wo mu Bubiligi avuga ko ari itunga ridasanzwe kwitabira iryo sango.

''Tuzana abana bakiri bato, abenshi bavukiye mu mahanga, tuhasanga abantu bo mu runganwe rutandukanye, tuhasanga Abanyarwanda, Abakongomani. Turicara tukayaga tukibuka ko ataco dupfa, vyaratunywanishije, bituma dusezera imigera y'amacakubiri no gukumirana.

Mw'ihiganwa ry'uno mwaka Abarundi baba muri Canada nibo batahukanye ikibanza ca mbere.

Ryasozerewe n'igiteramo c'umuziki cahuje Abarundi, Abakongomani n'Abanyarwanda, aho hari hatumiwe n'abaririmvyi barimwo n'abagiye bava i Bujumbura nka Drama T.