RD Congo: 'Gushigikira Wazalendo ni ugufatanya icaha mu mabi bakora' - HRW

Abagwanyi ba Wazalendo bashigikiwe n'igisirikare c'igihugu muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo barakoreye amabi atandukanye abanyagihugu muri aya mezi ya vuba, nk'uko biri mu cegeranyo casohowe n'ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu, Human Rights Watch (HRW).

HRW iradondagura ahantu henshi aho aba Wazalendo bakubise, barica , baraka ibintu ku nguvu abanyagihugu basanzwe, rimwe na rimwe bashingiye ku bwoko mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Wazalendo (ijambo ry'igiswahili rivuga 'patriotes' mu gifaransa canke 'abakunda igihugu' mu kirundi) ni abagwanyi bahoze bari mu migwi itandukanye yitwaje ibigwanisho ubu bagiye hamwe ngo bafashe ingabo za reta ya Congo kugwanya umugwi wa M23.

Ariko HRW ivuga ko bitazwi neza aho igisirikare c'igihugu gishikana mu kugenzura abo ba Wazalendo.

Amashirahamwe ategamiye reta aharanira uburenganzira bwa muntu muri Kivu ya Ruguru yariyamirije ''iterabwoba ry'aba Wazalendo''.

''Igisirikare ca Congo gishobora kwagirizwa kuba umufatanyacaha mu gushigikira Wazalendo'', bivugwa na Clémentine de Montjoie, umushakashatsi mukuru wa HRW muri Afrika.

Avuga ko reta ya Congo yari ikwiye ''guhagarika gushigikira aba Wazalendo kandi ikabaka ibigwanisho, igakora amatohoza ataho ahengamiye hanyuma abakoze amabi bagashirwa imbere y'intahe.''

Human Rights Watch ivuga ko aba Wazalendo basigaye bagenzura uturere tutari duke kuva aho M23 ifatiye ibisagara vya Goma na Bukavu, abasirikare ba reta bagahunga.

Goma na Bukavu vyafashwe na M23 mu ntango z'uyu mwaka.

Mu karorero kamwe mu bundi bwinshi bw'amatohoza yakoze, HRW ivuga ko muri Ntwarante (3) na Ndamukiza (4) aba Wazelendo bashize ibintu vyo gutangira mu mabarabara makuru makuru agana mu bisagara vya Kivu y'Epfo, barakubagura abanyagihugu babatoza amafaranga ya Congo ari hagati ya 500 na 1000.

HWR ivuga ko umukuru mfatakibanza wa Kivu y'Epfo Jean-Jacques Elakano yabwiye abamenyeshamakuru ku wa 23 Ndamukiza ko intara yiwe idashobora gutoza amakori kubera abagwanyi ba Wazalendo avuga ko ''badakwiye gufata ikibanza ca reta''.

Iryo shirahamwe rivuga ko icegeranyo ca vuba kivuga ko n'ubwo aba Wazalendo bahabwa ivyankenerwa n'igisirikare, ahanini ''babeshejweho n'ivyo bakura mu banyagihugu, bigatuma haba ''kuvyaka ku nguvu''.

Mu kandi karorero mu kwezi kwa gatatu muri Sange, HWR ivuga ko umukomanda wa Wazeloendo yapfunze arongera arakubita umugabo w'imyaka 48 yagirizwa kwiba television.

Incuti n'umubanyi w'uwo mugabo bavuze ko yahavuye apfa kubera ibikomere. Uwo mukomanda, mu nyuma yagize uruhara mw'iyicwa ry'umusirikare wa reta, yaravanywe aho yakorera ariko ntiyashikanywe imbere y'ubucamanza kubazwa ubwo bwicanyi.

Aba Wazalendo ngo hari n'igihe baka ibigwanisho ingabo z'igihugu.

Amwe mu mabi aba Wazalemdo bakoze yatumbereye ku Banyamulenge, abatutsi b'abanye-Congo baba cane cane muri Kivu y'Epfo, nk'uko HRW ibandanya ivuga muri ico cegeranyo.

Kamwe mu turorero HRW itanga ni ako ku wa 14 Ruhuhuma (2) aho aba Wazalendo bishe umugabo w'umunyamulenge w'imyaka 25 i Mulolongwe muri Uvira, inyuma yo kumwagiriza ko ari umunyarwanda.

HRW ivuga ko bamurashe kabiri mu mafyinga mu nyuma yicwa n'ibikomere. HRW ivuga ko yabironkeye amasoko abiri.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko igihe M23 yafata Bukavu, aba Wazalendo binjiye mu ngo zirenga 20 z'abanyamukenge, bariba ivyo batunze bongera barabatera ubwoba.

M23 ishigikiwe n'Urwanda ivuga ko kimwe mu bituma irwana ari ukugwanira uburenganzira bw'abatutsi bo muri Congo.

''Kuva M23 ifashe Bukavu, ibintu vyarunyutse'', ni ko umwe mu ndongozi z'abanyamulenge yabwiye HRW.

''Uvuze ko uri umunyamulenge, Wazalendo bavuga ko [twebwe] tutabaho.''

HRW ivuga ko igisirikare ca Congo kibandahya guha uburyo n'ibigwanisho aba Wazalendo.

Iryo shirahamwe rivuga ko abategetsi baha n'ibigirankana ibigwanisho imigwi bizwi ko ikora amabi, na bo bashobora gufatwa nk'abafatanyacaha mu mabi iyo migwi ikora.

Imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho yishize hamwe yiyita Wazalendo igamije kugwanya M23 aho isubiriye kuvyura umutwe mu mpera za 2021.

Imwe muri iyo migwi ishingiye ku bwoko kandi kare yari abakeba.

Amasoko ya gisirikare n'ayandi atandukanye agereranya ko hari abagwanyi b'aba Wazalendo bashika 20.000, n'ubwo igitigiri nyaco kitazwi neza.

Igisirikare ca Congo cagirizwa kandi gushigikira umugwi FDLR ugizwe n'abakomoka mu Rwanda aho bivugwa ko bahunze bahejeje gukora ihonyabwoko mu 1994.

Ico kiri mu mvo reta y'Urwanda itanga ku co yita ingamba zo gucungera umutekano w'igihugu ku ngaruka z'intambara yo muri Congo.

Reta ya Congo yo yagiriza Urwanda kuyishozako intanbara mu buko rwinyegeje inyuma ya M23.

Mu gihe hariko haraba ibiganiro vyo kurondera ingene amahoro yogaruka muri Congo, HRW ivuga ko reta ya prezida Felix Tshisekedi wa Congo ikwiye kubuza ko habandanya amabi ashingiye ku moko, abayakora na bo bagakurikiranwa.

HRW ivuga kandi ko reta ya Congo ikwiye gushiraho uburyo bwo gusuzuma neza uwinjizwa mu ngabo z'igihugu yongere itunganye neza umugambi wo kwaka ibigwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abitwaje ibigwanisho, maze ivyo bije mu biganiro vy'amahoro.

''Gushigikira aba Wazalendo bifise ingaruka z'urupfu, kandi reta irakwiye kurinda abanyagihugu basanzwe ingaruka zituruka ku kubandanya ishigikiye uwo mugwi'', ni ko Montjoye avuga.

''Ni ngombwa ko abakora amabi bashikanwa imbere y'ubucamanza nka kimwe mu twigoro two kurangiza imyaka myinshi y'amabi mu buko bwa Congo.''