Igituma Uganda ishobora kuba ari iya mbere kw'isi mu bafana biyumvamwo cane Arsenal

  • Umwanditsi, Wycliffe Muia
  • Igikorwa, BBC News, Kampala

Kuri uyu wa gatatu niho haba urukino rwo gusubiza hagati ya Arsenal na Real Madrid inyuma y'intsinzi y'aba-Gunners (izina ry'ubuhizi rya Arsenal) ya 3-0 ku wa gatatu uheze mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe ca Champions League. Arsenal yariko ikinira ku kibuga cayo mu buraruko bwa Londres.

Muri iryo ijoro, abafana ba Arsenal muri Uganda baraye mu tubare n'aho basanzwe barabira imipira bahimbaza iyo ntsinzi.

Uravye uko abantu bari mu munezero nta ngere, bahayagiza umukinyi wo hagati Declan Rice na coups francs/free kicks yateye, ntawobiguhora kwibaza ko Arsenal yoba ari iyo muri Uganda.

Igihe cose uwo mugwi uba ufise urukino, Uganda yose iba ibizi. Hamwe na Manchester United, ziri mu za mbere zo muri Premier League (ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo mu cicaro ca mbere mu Bwongereza, EPL) zifise abafana benshi muri ico gihugu.

Mu masengero yuzuye abambaye ivyera n'bitukura - amabara ya Arsenal - haraba amasengesho imbere y'inkino zikomeye mu gusabira uwo mugwi, aho hari igihe usanga umenga ukeneye ubufasha bw'Imana.

Uguhurumbira Arsenal n'iyindi migwi yo mu Bwongereza vyahavuye bivamwo imirimo ikomeye y'amafaranga muri Uganda. Usanga huzuye amamangazini n'abantu bacuruza imyambaro y'iyo migwi, abamamaza ibicuruzwa vyabo nabo bakama bagavye mu minota yo kuvuga uko urukino rwagenze, nayo gukinisha akamari k'ingene urukino ruja guhera bikaba bisigaye birimwo amafaranga menshi.

''Maze gukurikira inkino nyinshi muri Afrika imyaka myinshi, rero ndashobora kukubwira ntakekeranya ko ukwiyumvamwo umupira w'amaguru muri Uganda biri ku rundi rugero,'' niko Isaac Mumena, umumenyesamakuru w'inkino ku gihe kirekire, yabwiye BBC.

Ku bwa Swale Suleiman, umufana wa Manchester United akaba n'umukanishi w'imiduga nasanze muri garaje ku murwa mukuru, Kampala, uko kwiyumvamwo cane inkino za Premier League y'Ubwongereza biterwa n'uko zirangwa n'ihiganwa rikomeye, ziryoshe kandi akenshi udashobora kuvuga imbere y'igihe uwuja gutsinda mu gihe n'umugwi muto ''ushobora kubera ifuro ry'igiti'' iyiba isanzwe ikomeye cane.

Muri Uganda harashinzwe amashirahamwe y'abafana b'imigwi yose ikomeye yo mu Bwongereza. Mu migwi ya Whatsapp nta kindi usanga kiriko kirayagwa n'iyo bamaze kuva mu bubare no mu bibanza vyerekana umupira.

Ariko abafana ba Arsenal basa b'abashika ku rundi rwego - bamwe biramaze gushika bakanahagarikwa bihereje amabarabara bigina iyo batsinze.

Ariko, uko guhurumbira imigwi birafise uruhande rubi, aho rimwe na rimwe urukundo rw'inkino ruhinduka intureka ivamwo no gupfa iyo abafana b'abakeba bibananiye kwifata.

"Abantu bacu basanganywe ugukunda ikintu n'umutima wabo wose, kandi abanya-Uganda vy'ukuri barakunda umupira w'amaguru cane," niko Stone Kyambadde, umukuru w'ishirahamwe ry'abamenyereza b'umupira w'amaguru muri Uganda (Uganda Football Coaches Association, UFCA), yabwiye BBC.

"Uko kwiyumvamwo umupira birenze vyararushirije gukomera ku runganwe rw'ubu, kuko bashobora kurabira umupira wa English Premier League aho bari hose."

Barashobora kubona ibitsindo biriko birinjira ku materefone yabo, ariko cane cane ni ibintu bikorwa mu kibano – mbere n'ahantu mu misozi ya kure usanga hariho ahantu habayabaye aho abafana buzura baje kuraba umupira.

Ariko mu kwezi kwa Kigarama guheze, ababanyi bo mu kigwati kiri hafi y'ikiyaga Victoria, bakoranijwe no guhamba umubaji w'imyaka 30 yarashwe arapfa igihe yariko arigina intsinzi ya Arsenal kuri Manchester United.

Abafashe amajambo, umwe inyuma y'uwundi, barababajwe n'urupfu rwa John Senyange, yabaye umu-Gunner ubuzima bwiwe bwose.

Yari yamye araraba umupira aho abandi basanzwe bawurabira mu gisagara ca Lukaya - hanyuma aho urwamo rudugiye rw'abafana ba Arsenal ifirimbi ya nyuma ivuze, bica bibabaza abakeba babo, harimwo uwucungera umutekano, aca arafora inkoho aramurasa, nk'uko vyavuzwe.

Imbere y'aho muri uwo mwaka w'inkino nyene, ku birometero nk'amajana atatu mu karere ka Kabale mu bumanuko bushira uburengero uvuye aho i Lukaya , umufana wa Manchester United Benjamin Ndyamuhaki yarapfuye acumiswe imbugita n'umufana wa Arsenal bahariye ku buryo urukino rwagenze hagati ya Arsenal na Liverpool.

Mu mwaka wa 2023, hari abantu bane bapfuye biturutse ku nkino za Premiership mu bice bitandukanye vy'igihugu - abafana babiri ba Arsenal barishwe n'abafana ba Man Utd, umufana umwe arapfa mu buryo buteye amayobera inyuma y'aho Man Utd itsindiwe na Liverpool 7-0, uwundi nawe arapfa kubera ibikomere vy'imbugita yacumiswe ariko aragerageza kubanguranya imishamirano Arsenal ihejeje gutsindwa na Man Utd.

Intureka mu mupira w'amaguru muri Uganda zatanguye mu myaka ya 1980 aho inkino muri ico gihugu wasanga zirangwa no guterana amabuye no guhana ingumu.

''Iminsi yose habaye urukino hagati ya Express FC na SC Villa - imigwi ya mbere ikomeye muri Uganda - vyarangirira mu ntureka'', niko umuhinga mu nkino Lumbuye Linika yambariye duhuriye mu kibuga c'umupira i Kampala.

Ariko ibintu vyarabaye bibi cane gusumba - ikintu abahinga bavuga ko ari ubufana bukongerezwa n'ugukina akamari, aho abagabo benshi bagerageza kurondera ikibabeshaho mu gushira amafaranga yabo mu kamari.

Mu nkuru iteye agahinda mu myaka itari mike iheze, igipolisi cavuze ko hari umugabo yihaye uburozi arapfa kuko amafaranga yiwe yari yahereye mu kamari.

Kuva hatanguye kugwira ivyo gukina akamari kuri internet, bifata isekunda kugira ukine kuri app, bigatanga amahirwe yo gutsindira ayafadika n'uburenganzira bwo kuduza ijwi iyo utsinze.

Ibigo bikinisha akamari vyarikitse mu kiza aho biboneye ko abanya-Uganda bafise ubufana bukabije kuri EPL, bica bishiraho aho abafana bashobora kurabira umupira bakongera bagakina akamari.

Aho kenshi niho handuruka intureka - iyo abafana b'abakeba bazomeranye mu gihe hari uwo akamari kiwe atakivuyemwo.

"Kubera ko amahirwe y'ubuzi ari make, abafana b'umupira benshi baba barondera kuronka amafaranga yihuta baciye mu kamari'', bivugwa na Amos Kalwegira, yahagaze tukaganira ku musi wa mbere mu gitondo kw'ibarabara ryo mu gisagara ca Kampala, maze kubona ko yambaye agapira ka Man Utd.

''Ibi vyahindutse umutahe ujana n'amarangamutima cane akenshi uhindukamwo gusinda iyo ibivuye mu rukino bidahuye n'ivyo wari wakinye mu kamari.''

Kuri Linika, ivyo vyose bironona: ''Umupira w'amaguru wategerezwa kutunezereza kandi umupira w'i Buraya wategerezwa kuba uwo kwiryohera ariko ngaha muri Uganda twawuhinduye ikintu co kurondera uburaro n'uburamuko, ivyo bigaca vyica uburyohe bw'inkino.''

Ariko ku bwa Collins Bongomin, umwe mu bategetsi mu kigo c'akamari, ico gisata si co gikwiye kwegekwako intureka yo mu mupira w'amaguru.

''Abantu nta bumenyi bw'ibanze bafise ku nyifato y'ivyo baba biteze n'ishavu bagira iyo batabironse', 'niko yabwiye BBC, akavuga ko bagerageza kubwira abantu gukina akamari bazi ico bakora.

Mu gihugu kirimwo ibigo vy'akamari birenga 2.000, biraninjiriza amafaranga menshi reta, aho yegeranya amakori yababa imiriyoni 50 z'amadorari avuye mu kamari buri mwaka, ku bw'ibinyamakuru vy'aho muri Uganda.

Bamwe basanga iyo ntureka bishika hakagira n'abayigwamwo muri Uganda iba cane cane hagati y'abafana ba Arsenal na Man Utd, vyerekana ko hari aho bihuriye n'imyaka n'aho umuntu yabaye canke yakuriye.

Linika, umufana wa Liverpool, yavuze ko uwu mugwi usa n'uwukwegakwega abakuze gusumba hamwe n'abifise - nazo Arsenal na Man United ugasanga zifise abafana na cane mu turere tw'abakene.

''Ubu ni twe turi kw'isonga rya Premier League ariko ni gake wumva umufana wa Liverpool yagiye mu ntureka,'' niko avuga.

Pamela Icumar, azwi cane ku gatazirano ka Mama Liverpool kubera ugukunda cane aba Reds, aremera ko bagenziwe b'abafana bazi kwifata n'iyo bariko baratsindwa''.

Ariko umufana wa Arsenal Agnes Katende ivyo yarabitwenze igihe bompi nabasanga i Kampala - abo bagore bompi bakaba bari mu badacikwa n'inkino za EPL. Icumar mbere ari mw'ishirahamwe ry'abafana b'abagore gusa.

Ku bwa Solomon Kutesa, umunyamabanga w'ishirahamwe rizwi icese ry'abafana ba Arsenal i Kampala, umuco wo kunywa inzoga muri ico gihugu niwo utuma haba intureka mu mupira w'amaguru.

''Bamwe mu bafana baraba umupira baborewe gutyo bikabagora kwifata iyo batsinzwe,'' niko yabwiye BBC.

Hari ababona ko gusubiza abafana mu bibuga vy'umupira bakabahebesha ububare vyogabanya izo ntureka - bikanakomeza umupira muri Uganda.

''Urunganwe rw'ubu ruzi umupira w'i Buraya gusa. Hamwe twoshira uburyo bwinshi mu mupira wo ngaha mu gihugu twoshobora gucuvya uko guhurumbira inkino zo hanze,'' bivugwa na Kyambadde, n'ubwo yemera ko umupira wabo uzwi nabi kandi ubuze abantu b'ibihangange.

Tom Lwanga yahoze ari umukinyi yakiniye umugwi w'igihugu wa Uganda igihe Imisambi (Cranes) yashika mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika c'ibihugu mu 1978, aravyemera.

''Twaramekenyekana kuko twakina ibibuga vyuzuye abarorerezi. Turakeneye gusubira muri ivyo bihe tugabanye guhurumbira umupira w'i Buraya,'' niko yambariye mu kibanza kigaragara c'abarorerezi mu kibuga ca Phillip Omondi i Kampala aho twariko turaraba urukino rwo ngaho nyene.

Abandi bata ishavu ku kuba inkino z'umupira w'amaguru zo muri Uganda ziterekanwa ikibiriraho ku mboneshakure.

Asuman Basalirwa, umukuru w'umugwi w'inkino w'inama nshingamateka nawe yari aho mu kibuga ca Omondi, ari mu bagerageza kuvyura inkino zo mu gihugu.

''Ndi mu bashingamateka bake baraba umupira w'amaguru kandi dushaka ko indongozi, harimwo n'umukuru w'igihugu, ziza mu bibuga vy'inkino gushigikira imigwi yo mu gihugu,'' niko avuga.

Ariko ku bwa Kutesa, akunda Arsenal kuva ku gihe c'abakinyi nka Nwankwo Kanu na Thierry Henry, iminsi mike yimirije nayo irahambaye.

''Ubu ibintu birakomeye. Umwe wese ari aho yiyumvamwo kandi uko niko kuri kwacu", niko yavuze mu kwezi kwa Ruhuhuma (2).

Mu gihe amahirwe yo gutahukana igikombe ca Primer League basa n'aho atayo bagifise, bari mu mwanya mwiza wo gushobora gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma muri Champions League ubwa mbere mu myaka 16, mu gihe bokwirinda ntihagire akaga kabashikira mu rukino rwo kuri uyu wa gatatu na Real Madrid.